Benjamin Mendy wa Manchester City basanze yera ku caha co gufata ku nguvu
Benjamin Mendy aracakurikiranwa ku bindi vyaha bitari bike yagirizwa bishingiye ku gitsina
Umucamanza yejeje umukinyi wa Manchester City, Benjamin Mendy, ku caha kimwe co gufata ku nguvu yagirizwa.
Mendy w’imyaka 28 yambitswe izera kuri sentare Chester Crown Court ku caha yagirizwa co gufata ku nguvu umugore w’imyaka 19 muhira iwe i Prestbury, Cheshire, ku wa 24 Mukakaro (7) umwaka uheze.
Uwo bagirizwa hamwe Louis Saha Matturie (atandukanye na Louis Laurent Saha yakinira Man U) w’imyaka 41 nawe nyene yejejwe ku vyaha bibiri yagirizwa vyo gufata ku nguvu uyo mugore nyene.
Hagati aho, baracaburanywa ku bindi vyaha bishingiye ku gitsina, ariko bompi bakaba bavyiyamiriza.
Matturie w’i Eccles, Salford, yejejwe kandi ikindi caha kimwe c’ihohotera rishingiye ku gitsina yagirizwa ko yakoreye uyo mugore nyene.
Ejo ku wa kabiri, umucamanza Stephen Everett yategetse umurwi w’abacamanza bariko barababuranya ko babeza kuri ivyo vyaha inyuma y’aho ubushikirizamanza bunaniwe no kwerekana ivyemezo, mbere ivyemezo vy’uko ata vyaba bagirizwa bikaba vyari vyaratanzwe.
Yari yagabishije abacamanza ko batokwiteza utunyoni barondera impamvu ubushikirizamanza bwafashe ingingo yo kutabandanya barondera kubashirako ivyaha, kandi ko bobandanya bababuranisha “badahengamye” ku vyaha bitari bike bagikurikiranwako.
Louis Saha Matturie w'imyaka 41 arahakana ivyaha bitandatu vyo gufata ku nguvu n'ibindi bitatu vy'ihohotera rishingiye ku gitsina
Imbere y’aho, igihe avuga ko yafashwe ku nguvu, abacamanza babwiwe ko hari videwo y’umugore yariko “ararangura amabanga y’abubatse” yaryohewe cane na Matturie.
Urubanza rwaciye rwunguruzwa hanyuma abacamanza basubiye gusasa, abashikirizamanza babwiye sentare ko ata vyemezo bakirondera ku vyaha bagirizwa bifatiye ku gitsina harimwo ivy’umugore w’imyaka 19.
Icaha co gufata ku nguvu Mendy yagirizwa gifitaniye isano n’ivyabaye kuri Matturie igihe umugore yavuze ko yikanguye asanga uyu mukinyi w’umupira ariko aramusambanya ku nguvu.
Mendy aracaburaywa ku vyaha bindi indwi kimwe co kugerageza gufata ku nguvu, hamwe n’ikindi kimwe c’ikubagura rishingiye ku gitsina yagirizwa ko yakoreye abagore batandatu.
Abashikirizamanza bavuga ko Mendy yari “ikiryanyi cagize ubuhizi ukwiruka inyuma y’abagore kugira kibasambaye”.
Matturie, umugenzi w’uyu mukinyi akaba ari na we amufasha, yagirizwa ko yahawe akazi ko kumuronderera abagore asambanya.
Arahakana ivyaha bitandatu vyo gufata ku nguvu yagirizwa hamwe n’ibindi bitatu vy’ihohotera rishingiye ku gitsina yagirizwa ko yakoreye abagore indwi.
Aba bagabo bompi bavuga ko nimba harabaye ivyo guhuza ibitsina n’abo bagore canke abakobwa vyabaye ku mwumvikano.
Urubanza rurabandanya.
2022 BBC. BBC ntibazwa ibivuye ku zindi mbuga.