Benjamin Mendy wa Manchester City basanze yera ku caha co gufata ku nguvu

by 24britishtvSept. 14, 2022, 2 p.m. 51
-

Benjamin Mendy aracakurikiranwa ku bindi vyaha bitari bike yagirizwa bishingiye ku gitsina
Umucamanza yejeje umukinyi wa Manchester City, Benjamin Mendy, ku caha kimwe co gufata ku nguvu yagirizwa.
Mendy w’imyaka 28 yambitswe izera kuri sentare Chester Crown Court ku caha yagirizwa co gufata ku nguvu umugore w’imyaka 19 muhira iwe i Prestbury, Cheshire, ku wa 24 Mukakaro (7) umwaka uheze.
Uwo bagirizwa hamwe Louis Saha Matturie (atandukanye na Louis Laurent Saha yakinira Man U) w’imyaka 41 nawe nyene yejejwe ku vyaha bibiri yagirizwa vyo gufata ku nguvu uyo mugore nyene.
Hagati aho, baracaburanywa ku bindi vyaha bishingiye ku gitsina, ariko bompi bakaba bavyiyamiriza.
Matturie w’i Eccles, Salford, yejejwe kandi ikindi caha kimwe c’ihohotera rishingiye ku gitsina yagirizwa ko yakoreye uyo mugore nyene.
Ejo ku wa kabiri, umucamanza Stephen Everett yategetse umurwi w’abacamanza bariko barababuranya ko babeza kuri ivyo vyaha inyuma y’aho ubushikirizamanza bunaniwe no kwerekana ivyemezo, mbere ivyemezo vy’uko ata vyaba bagirizwa bikaba vyari vyaratanzwe.
Yari yagabishije abacamanza ko batokwiteza utunyoni barondera impamvu ubushikirizamanza bwafashe ingingo yo kutabandanya barondera kubashirako ivyaha, kandi ko bobandanya bababuranisha “badahengamye” ku vyaha bitari bike bagikurikiranwako.
Louis Saha Matturie w'imyaka 41 arahakana ivyaha bitandatu vyo gufata ku nguvu n'ibindi bitatu vy'ihohotera rishingiye ku gitsina
Imbere y’aho, igihe avuga ko yafashwe ku nguvu, abacamanza babwiwe ko hari videwo y’umugore yariko “ararangura amabanga y’abubatse” yaryohewe cane na Matturie.
Urubanza rwaciye rwunguruzwa hanyuma abacamanza basubiye gusasa, abashikirizamanza babwiye sentare ko ata vyemezo bakirondera ku vyaha bagirizwa bifatiye ku gitsina harimwo ivy’umugore w’imyaka 19.
Icaha co gufata ku nguvu Mendy yagirizwa gifitaniye isano n’ivyabaye kuri Matturie igihe umugore yavuze ko yikanguye asanga uyu mukinyi w’umupira ariko aramusambanya ku nguvu.
Mendy aracaburaywa ku vyaha bindi indwi kimwe co kugerageza gufata ku nguvu, hamwe n’ikindi kimwe c’ikubagura rishingiye ku gitsina yagirizwa ko yakoreye abagore batandatu.
Abashikirizamanza bavuga ko Mendy yari “ikiryanyi cagize ubuhizi ukwiruka inyuma y’abagore kugira kibasambaye”.
Matturie, umugenzi w’uyu mukinyi akaba ari na we amufasha, yagirizwa ko yahawe akazi ko kumuronderera abagore asambanya.
Arahakana ivyaha bitandatu vyo gufata ku nguvu yagirizwa hamwe n’ibindi bitatu vy’ihohotera rishingiye ku gitsina yagirizwa ko yakoreye abagore indwi.
Aba bagabo bompi bavuga ko nimba harabaye ivyo guhuza ibitsina n’abo bagore canke abakobwa vyabaye ku mwumvikano.
Urubanza rurabandanya.
2022 BBC. BBC ntibazwa ibivuye ku zindi mbuga.

-

Related Articles

HOT TRENDS

As it happened - KKR vs PBKS - Bairstow hundred trumps Narine-Salt show

by 24britishtvApril 26, 2024, 6:01 p.m.2
HOT TRENDS

Emma Stone says she would like to be called by her real name: Emily

by 24britishtvApril 26, 2024, 6:01 p.m.2
HOT TRENDS

King Charles to resume public duties after progress in cancer treatment

by 24britishtvApril 26, 2024, 6:01 p.m.2
HOT TRENDS

Lakers falter again, on brink of another 4-0 exit

by 24britishtvApril 26, 2024, 5:01 p.m.2
HOT TRENDS

Gate Guide: Manchester City (H)

by 24britishtvApril 26, 2024, 4:02 p.m.2
HOT TRENDS

Emma Stone: Actress says she 'would like to be' called by her real name

by 24britishtvApril 26, 2024, 4:02 p.m.2
HOT TRENDS

London Tube strikes: Some stations close as workers walk out

by 24britishtvApril 26, 2024, 4:02 p.m.2
HOT TRENDS

Here’s the full schedule for Day 2 of the 2024 NFL Draft in Detroit

by 24britishtvApril 26, 2024, 11 a.m.2
HOT TRENDS

Did Chris Philp confuse Rwanda and Congo on Question Time?

by 24britishtvApril 26, 2024, 11 a.m.2
HOT TRENDS

UK minister appears to mix up Rwanda and Congo on Question Time

by 24britishtvApril 26, 2024, 10 a.m.2
HOT TRENDS

Rebel Wilson book published in the UK with Sacha Baron Cohen text redacted

by 24britishtvApril 26, 2024, 4 a.m.2
HOT TRENDS

Moulin Rouge: Sails fall off Paris's famous cabaret club overnight

by 24britishtvApril 26, 2024, 12:01 a.m.2
HOT TRENDS

The 12 best BBC Proms 2024

by 24britishtvApril 25, 2024, 10:01 p.m.2
HOT TRENDS

Sophia Bush: ‘I Finally Feel Like I Can Breathe’

by 24britishtvApril 25, 2024, 10:01 p.m.2
HOT TRENDS

Legal privilege used to ‘cloak’ messages, key Post Office figure admits

by 24britishtvApril 25, 2024, 10:01 p.m.2
HOT TRENDS

How to get BBC Proms 2024 tickets, plus this year’s schedule and dates

by 24britishtvApril 25, 2024, 9:01 p.m.2
HOT TRENDS

What happened to Belle Gibson's Instagram scam cash - holidays to home raid

by 24britishtvApril 25, 2024, 9:01 p.m.2
HOT TRENDS

Reddit is back after a widespread outage

by 24britishtvApril 25, 2024, 8 p.m.2
HOT TRENDS

LIVE: Brighton vs Manchester City – Premier League football

by 24britishtvApril 25, 2024, 8 p.m.2
HOT TRENDS

NFL draft trade tracker: Every deal involving a pick or veteran player

by 24britishtvApril 25, 2024, 7 p.m.2